ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kandi aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe wa nya shikanwa riturirwa, maze rizokwemeranwa umutima mwiza+ ku bwiwe kugira atangirwe impongano*+.

  • Abalewi 4:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ikinure caryo cose azogifumbisha umwotsi ku gicaniro nka ca kinure c’ishikanwa ry’ugusangira+. Kandi umuherezi aze amutangire impongano ku bw’igicumuro ciwe+, abone kukibabarirwa.

  • Abalewi 4:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kandi azokurako ikinure caryo cose+, nka kumwe ca kinure cakurwa kw’ishikanwa ry’ugusangira+. Umuherezi aze agifumbishe umwotsi ku gicaniro kibe akamoto karuhura kuri Yehova+. Umuherezi aze amutangire impongano, abone kukibabarirwa+.

  • Abalewi 6:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umuherezi aze amutangire impongano+ imbere ya Yehova, abone kubabarirwa ku bijanye n’ico ari co cose mu bintu vyose yokora akagirwa n’icaha.”

  • Abalewi 16:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Kuko kuri uwo musi muzotangirwa impongano+ kugira bivugwe ko mudahumanye. Muzoba muhumanuwe ibicumuro vyanyu vyose imbere ya Yehova+.

  • Guharura 15:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Umuherezi aze atangire impongano uwo muntu yahuvye mu gukora igicumuro atabishaka imbere ya Yehova, kugira ngo gitangirwe impongano, na we azobabarirwa+.

  • Abakolosayi 1:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 muri uyo tukaba turonka ukubohorwa biciye ku ncungu*, ukubabarirwa ibicumuro vyacu+.

  • 1 Yohani 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Kandi uyo ni ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+, yamara atari ku bw’ivyacu+ gusa ahubwo kandi ku bw’ivy’isi yose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika