27 Uze weze iyo nkoro+ y’ishikanwa rizungagizwa be n’ukuguru kwa wa mugabane mweranda wazungagizwa kandi ugatangwa bwa ntererano uvuye kuri ya mpfizi y’intama y’iyatira+, ku vyari ivya Aroni no ku vyari ivy’abahungu biwe.
27 Inyuma y’ivyo ashira vyose ku biganza vya Aroni no ku biganza vy’abahungu biwe, atangura kubizungagiza irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa imbere ya Yehova+.