21 Uziya+ umwami aguma ari umunyamibembe gushika umusi yapfiriyeko; aguma aba mu nzu kanaka ari umunyamibembe+, yakuweko amabanga; kuko yari yaratandukanijwe n’inzu ya Yehova, mu gihe Yotamu umuhungu wiwe ari we yagaba inzu y’umwami, agacira imanza abanyagihugu.