Abalewi 5:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Kandi nimba umuntu acumuye mu gukora kimwe mu bintu Yehova ategeka ko bidakwiye gukorwa, naho yoba atari yabimenye+, ntikibuza ko yagirwa n’icaha, kandi ategerezwa kwishura ikosa ryiwe+. Guharura 15:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Umuherezi aze atangire impongano uwo muntu yahuvye mu gukora igicumuro atabishaka imbere ya Yehova, kugira ngo gitangirwe impongano, na we azobabarirwa+. Zaburi 119:67 Bibiliya y’isi nshasha 67 Imbere y’uko nshikirwa n’amarushwa, naracumura bivuye ku kwihenda+,Ariko ubu naragumije ijambo ryawe+. Abagalatiya 6:1 Bibiliya y’isi nshasha 6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+. Yakobo 2:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kuko uwo wese yubahiriza Itegeko ryose mugabo agatirimuka mu kintu kimwe, aba ayacumuyeko yose+.
17 “Kandi nimba umuntu acumuye mu gukora kimwe mu bintu Yehova ategeka ko bidakwiye gukorwa, naho yoba atari yabimenye+, ntikibuza ko yagirwa n’icaha, kandi ategerezwa kwishura ikosa ryiwe+.
28 Umuherezi aze atangire impongano uwo muntu yahuvye mu gukora igicumuro atabishaka imbere ya Yehova, kugira ngo gitangirwe impongano, na we azobabarirwa+.
67 Imbere y’uko nshikirwa n’amarushwa, naracumura bivuye ku kwihenda+,Ariko ubu naragumije ijambo ryawe+.
6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+.