33 Nuko bene Gadi+ na bene Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ mwene Yozefu, Musa abaha ubwami bwa Sihoni+ umwami w’Abamori n’ubwami bwa Ogi+ umwami wa Bashani, ni ukuvuga igihugu cegukira ibisagara vyaco mu turere, n’ibisagara vya nya gihugu vyari irya n’ino.
8 Ca gice kindi c’umuryango hamwe n’Abarubeni n’Abagadi, batoye intoranwa yabo Musa yabahaye ku ruhande rwa Yorodani ruri amaja mu buseruko, nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yayibahaye+,