ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Muze mugume muyizigamye gushika ku musi ugira cumi na kane w’uku kwezi+, kandi ishengero ryose ry’ikoraniro rya Isirayeli ribwirizwa kuyikerera hagati ya ya migoroba ibiri+.

  • Abalewi 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane wa nya kwezi+, hagati ya ya migoroba ibiri, ni pasika*+ ya Yehova.

  • Guharura 28:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “‘Kandi mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, hazoba ari pasika ya Yehova+.

  • Gusubira mu vyagezwe 16:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “Ukwezi kwa Abibu+ nikwubahirizwe, kandi utegerezwa guhimbariza pasika* Yehova Imana yawe+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Yehova Imana yawe yagukuye mu Misiri mw’ijoro+.

  • Yosuwa 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nuko bene Isirayeli babandanya gukambika i Gilugali; bahimbaza pasika* ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi+, ku mugoroba, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko.

  • Mariko 14:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ku musi wa mbere w’imikate itarimwo umwambiro+, igihe bari basanzwe babaga imbagwa ya pasika, abigishwa biwe+ bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuja kugutegurira ngo urye pasika+?”

  • 1 Abakorinto 5:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nimukureho umwambiro ushaje+, kugira mube irobe rishasha, nk’uko mutagiramwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu+ we pasika*+ yacu yaratanzweko ikimazi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika