6 Muze mugume muyizigamye gushika ku musi ugira cumi na kane w’uku kwezi+, kandi ishengero ryose ry’ikoraniro rya Isirayeli ribwirizwa kuyikerera hagati ya ya migoroba ibiri+.
16“Ukwezi kwa Abibu+ nikwubahirizwe, kandi utegerezwa guhimbariza pasika* Yehova Imana yawe+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Yehova Imana yawe yagukuye mu Misiri mw’ijoro+.
10 Nuko bene Isirayeli babandanya gukambika i Gilugali; bahimbaza pasika* ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi+, ku mugoroba, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko.
12 Ku musi wa mbere w’imikate itarimwo umwambiro+, igihe bari basanzwe babaga imbagwa ya pasika, abigishwa biwe+ bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuja kugutegurira ngo urye pasika+?”