Kuvayo 20:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Tera iteka so na nyoko+ kugira ngo imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+. Abalewi 19:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “‘Mukwiye gutinya umwe wese nyina wiwe na se wiwe+, kandi amasabato yanje mukwiye kuyubahiriza+. Ndi Yehova Imana yanyu. Gusubira mu vyagezwe 21:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji+, akaba atumviriza ijwi rya se canke ijwi rya nyina+, kandi bakaba baramukosoye mugabo ntabumvirize+, Gusubira mu vyagezwe 21:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Maze abagabo bose bo mu gisagara c’iwabo baze bamutere amabuye, apfe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe, kandi Isirayeli yose izovyumva itinye koko+. Imigani 20:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+. Imigani 30:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse. Matayo 15:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko+’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’
12 “Tera iteka so na nyoko+ kugira ngo imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+.
3 “‘Mukwiye gutinya umwe wese nyina wiwe na se wiwe+, kandi amasabato yanje mukwiye kuyubahiriza+. Ndi Yehova Imana yanyu.
18 “Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji+, akaba atumviriza ijwi rya se canke ijwi rya nyina+, kandi bakaba baramukosoye mugabo ntabumvirize+,
21 Maze abagabo bose bo mu gisagara c’iwabo baze bamutere amabuye, apfe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe, kandi Isirayeli yose izovyumva itinye koko+.
17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse.
4 Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko+’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’