ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Tera iteka so na nyoko+ kugira ngo imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+.

  • Abalewi 19:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “‘Mukwiye gutinya umwe wese nyina wiwe na se wiwe+, kandi amasabato yanje mukwiye kuyubahiriza+. Ndi Yehova Imana yanyu.

  • Gusubira mu vyagezwe 21:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji+, akaba atumviriza ijwi rya se canke ijwi rya nyina+, kandi bakaba baramukosoye mugabo ntabumvirize+,

  • Gusubira mu vyagezwe 21:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Maze abagabo bose bo mu gisagara c’iwabo baze bamutere amabuye, apfe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe, kandi Isirayeli yose izovyumva itinye koko+.

  • Imigani 20:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+.

  • Imigani 30:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse.

  • Matayo 15:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko+’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika