ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Muzobwirizwa rero kurya inyama z’abahungu banyu, kandi muzorya inyama z’abakobwa banyu+.

  • 2 Abami 6:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Umwami abandanya kumubwira ati: “Ni amaki?” Na we ati: “Uwu mugore ubona yambwiye ati: ‘Zana umuhungu wawe tumurye uno musi, umuhungu wanje na we tuzomurya ejo+.’

  • Yeremiya 19:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nzobarisha inyama z’abahungu babo n’inyama z’abakobwa babo; kandi umwe wese azorya inyama za mugenziwe, bitewe n’ugusugerezwa be n’amaganya abansi babo be n’abarondera ubuzima bwabo bazobasatiriza+.”’

  • Gucura intimba 2:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ewe Yehova, raba, witegereze+ uwo wamereye nabi gutya.

      Mbega abagore babandanye kurya icamwa cabo, abana bavukanye amagara meza+,

      Canke umuherezi n’umuhanuzi bicirwe aheranda ha Yehova+?

  • Gucura intimba 4:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Amaboko y’abagore b’abanyempuhwe yatetse abana babo+.

      Babereye abantu nk’umukate w’uruhoza mu gihe c’ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+.

  • Ezekiyeli 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘“Ni co gituma ba se bazorya abana babo hagati muri wewe+, abana na bo barye ba se, kandi nzoshitsa imanza muri wewe, igisigarira cawe cose ndagisanzarize mu miyaga yose+.”’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika