Gusubira mu vyagezwe 29:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 kugira ntihabe muri mwebwe umugabo canke umugore canke urugo canke umuryango umutima wabo uhindukira uno musi ukava kuri Yehova Imana yacu ukagenda ugakorera imana z’ayo mahanga+; kugira ntihabe muri mwebwe umuzi wama icamwa c’igiterwa c’ubumara n’ic’ibamba+. 1 Samweli 12:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Mugabo nimwakora ibibi n’akagagazo n’akantu, muzozimanganywa+, mwebwe n’umwami wanyu+.” Abaheburayo 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+;
18 kugira ntihabe muri mwebwe umugabo canke umugore canke urugo canke umuryango umutima wabo uhindukira uno musi ukava kuri Yehova Imana yacu ukagenda ugakorera imana z’ayo mahanga+; kugira ntihabe muri mwebwe umuzi wama icamwa c’igiterwa c’ubumara n’ic’ibamba+.
12 Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+;