21 Kandi ivyago n’amarushwa menshi nivyabashikira+, uru ruririmbo rero ruzokwishura imbere yabo bwa cabona, kuko rudakwiye kwibagirwa mu kanwa k’uruvyaro rwabo, kuko nzi neza impengamiro+ bariko baratsimbataza uno musi imbere y’uko ndabajana mu gihugu narahiye.”