ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 15:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?

      Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+?

      Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.

  • 2 Samweli 7:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ni co gituma uhambaye koko+, ewe Mukama Segaba Yehova; kuko ata wundi ariho ameze nkawe+ kandi ata Mana iriho kiretse wewe+, mu zo twumvise n’amatwi yacu zose.

  • 1 Abami 8:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 maze avuga ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, nta Mana iriho imeze nkawe+ mu majuru hejuru canke kw’isi hasi, wewe ugumya isezerano n’ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bijanye n’abasavyi bawe+ bagendera imbere yawe n’umutima wabo wose+,

  • Zaburi 71:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ubugororotsi bwawe, ewe Mana, bugereza iyo hejuru+;

      Nayo ku biraba ibikomeye wakoze+,

      Ni nde ga Mana ameze nkawe+?

  • Zaburi 86:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Mu mana nta n’imwe iriho imeze nkawe, ewe Yehova+,

      Eka nta n’ibikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+.

  • Yeremiya 10:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nta n’umwe ameze nkawe mu buryo na bumwe, ewe Yehova+! Urahambaye, kandi izina ryawe rirahambaye mu bushobozi+.

  • Yeremiya 49:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Ehe, umuntu azoduga nk’intambwe+ ivuye mu bisaka vy’inzitane vyishima vyo ku nkengera ya Yorodani, aje ahantu ho kuba haramba+, mugabo mu kanya gatoyi nzotuma ahahunga+. Kandi uwatowe ni we nzoshiraho ngo ahaganze. Kuko, ni nde ameze nkanje+, kandi ni nde azompigisha+? Vyongeye, ni nde none mwungere yompagarara imbere+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika