Gusubira mu vyagezwe 4:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.” Gusubira mu vyagezwe 12:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 “Wiyubare, kandi ugamburuke aya majambo yose ndagutegetse+, kugira ngo bikugendere neza wewe+ n’abana bawe mu nyuma zawe gushika igihe kitagira urugero, kuko uzoba ukoze ivyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yawe+. Imigani 19:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Uwugumya ibwirizwa aba agumije ubuzima bwiwe+; uwusuzugura inzira ziwe azokwicwa+. Abaroma 10:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kuko Musa yandika yuko umuntu ashikije ubugororotsi bwo mw’Itegeko azobeshwaho na bwo+.
40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.”
28 “Wiyubare, kandi ugamburuke aya majambo yose ndagutegetse+, kugira ngo bikugendere neza wewe+ n’abana bawe mu nyuma zawe gushika igihe kitagira urugero, kuko uzoba ukoze ivyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yawe+.