18 Nayo mwebwe, mwirinde gusa ikintu co gutikizwa+, kugira ngo ntimugire icipfuzo+ ngo mutore koko ku kintu co gutikizwa+ maze mugatuma koko ikambi ya Isirayeli iba ikintu co gutikizwa, mukayikwegera gukumirwa+.
7Nuko bene Isirayeli barahemuka ku bijanye n’ikintu co gutikizwa, kuko Akani+ mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, yatoye ku kintu co gutikizwa+. Ishavu rya Yehova rica rirurumbira bene Isirayeli+.