2 Nuko Yehova abagurisha+ mu kuboko kwa Yabini umwami wa Kanani yaganza i Hazori+; kandi umukuru w’ingabo ziwe yari Sisera+, uno akaba yaba i Harosheti+ h’amahanga.
9 Mugabo batangura kwibagira Yehova Imana yabo+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kwa Sisera+ umukuru w’ingabo za Hazori no mu kuboko kw’Abafilisitiya+ no mu kuboko kw’umwami wa Mowabu+, maze bano baguma babarwanya.