Abacamanza 17:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo yabona ko bibereye mu maso yiwe bwite+. Abacamanza 18:1 Bibiliya y’isi nshasha 18 Muri iyo misi, nta mwami yariho muri Isirayeli+. Kandi muri iyo misi, umuryango w’Abadani+ wariko wironderera intoranwa yo kubamwo; kuko gushika uwo musi batari bwaronke intoranwa hagati mu miryango ya Isirayeli+. Abacamanza 21:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyari bibereye mu maso yiwe+. 1 Samweli 8:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Mu nyuma abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ bose bakoranira hamwe, baza kuri Samweli i Rama, 1 Samweli 8:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 bamubwira bati: “Ehe washaje, mugabo abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe. Ubu rero nutugenere umwami+ wo kuducira imanza, nk’ayandi mahanga yose.”
6 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo yabona ko bibereye mu maso yiwe bwite+.
18 Muri iyo misi, nta mwami yariho muri Isirayeli+. Kandi muri iyo misi, umuryango w’Abadani+ wariko wironderera intoranwa yo kubamwo; kuko gushika uwo musi batari bwaronke intoranwa hagati mu miryango ya Isirayeli+.
5 bamubwira bati: “Ehe washaje, mugabo abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe. Ubu rero nutugenere umwami+ wo kuducira imanza, nk’ayandi mahanga yose.”