22 Nuko ku musi w’urugamba, ntihaboneka inkota+ canke icumu mu kuboko kw’umuntu n’umwe mu bari kumwe na Sauli na Yonatani; mugabo haboneka ikirwanisho ca Sauli+ n’ica Yonatani umuhungu wiwe.
47 Kandi iri shengero ryose riramenya ko Yehova adakirisha inkota canke icumu+, kuko urugamba ari urwa Yehova+, kandi arabatanga ata kabuza mu kuboko kwacu+.”
50 Gutyo Dawidi, akoresheje umugozi wo guteresha be n’ibuye, arusha inkomezi uwo Mufilisitiya, agarika nya Mufilisitiya, aramwica; kandi nta nkota yari mu kuboko kwa Dawidi+.