ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 7:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ya migwi itatu ica ivuza inzamba+ yongera isavya ya mibindi mininiminini, bafata vya bimuri mu kuboko kwabo kw’ibubamfu, ukuboko kw’iburyo na kwo gufata inzamba kugira bazivuze, maze batangura gusemerera bati: “Inkota ya Yehova+ n’iya Gideyoni!”

  • 1 Samweli 17:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Kandi iri shengero ryose riramenya ko Yehova adakirisha inkota canke icumu+, kuko urugamba ari urwa Yehova+, kandi arabatanga ata kabuza mu kuboko kwacu+.”

  • 1 Samweli 17:50
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 50 Gutyo Dawidi, akoresheje umugozi wo guteresha be n’ibuye, arusha inkomezi uwo Mufilisitiya, agarika nya Mufilisitiya, aramwica; kandi nta nkota yari mu kuboko kwa Dawidi+.

  • Zaburi 44:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Kuko batigaruriye igihugu n’inkota yabo+,

      Kandi ukuboko kwabo si kwo kwabazaniye ubukiriro+.

      Kuko vyakozwe n’ikiganza cawe c’iburyo n’ukuboko kwawe+ be n’umuco wo mu maso hawe,

      Kubera ko wahimbawe na bo+.

  • Zakariya 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko anyishura ati: “Iri ni ryo jambo Yehova abwiye Zerubabeli ati: ‘“Si ku bw’inteko za gisirikare+, canke ku bw’ububasha+, mugabo ni ku bw’impwemu yanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika