Yosuwa 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nuko rero Yosuwa mwene Nuni ahamagara abaherezi+ ababwira ati: “Nimutore isandugu y’isezerano+, kandi abaherezi indwi batware inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama baje imbere y’isandugu+ ya Yehova.” Abacamanza 7:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nuko batora impamba za nya bantu mu kuboko kwabo, n’inzamba+ zabo, maze Gideyoni arungika abo bagabo ba Isirayeli bose, umwe wese aja i muhira iwe; agumya gusa abo bagabo amajana atatu. Nayo ikambi ya Midiyani, yari hepfo yiwe mu kiyaya co hasi+. Abacamanza 7:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Aca agabura ba bagabo amajana atatu mu migwi itatu maze ashira inzamba+ mu maboko yabo bose n’imibindi mininiminini igaragara, ashira n’ibimuri muri nya mibindi mininiminini.
6 Nuko rero Yosuwa mwene Nuni ahamagara abaherezi+ ababwira ati: “Nimutore isandugu y’isezerano+, kandi abaherezi indwi batware inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama baje imbere y’isandugu+ ya Yehova.”
8 Nuko batora impamba za nya bantu mu kuboko kwabo, n’inzamba+ zabo, maze Gideyoni arungika abo bagabo ba Isirayeli bose, umwe wese aja i muhira iwe; agumya gusa abo bagabo amajana atatu. Nayo ikambi ya Midiyani, yari hepfo yiwe mu kiyaya co hasi+.
16 Aca agabura ba bagabo amajana atatu mu migwi itatu maze ashira inzamba+ mu maboko yabo bose n’imibindi mininiminini igaragara, ashira n’ibimuri muri nya mibindi mininiminini.