Kuvayo 23:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Ntibakwiye kuba mu gihugu cawe, kugira ntibazohave batuma uncumurako. Hamwe wokorera imana zabo, vyokubera umutego+.” Abacamanza 2:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Banka kwumviriza n’abacamanza babo nyene, mugabo bashurashurana+ n’izindi mana+ bongera barazunamira. Ntibateba gukevya bava mu nzira ba sekuruza babo bari baragendeyemwo mu kugamburuka amabwirizwa ya Yehova+. Ntibakora nk’ukwo. Zaburi 106:39 Bibiliya y’isi nshasha 39 Bahumanywa n’ibikorwa vyabo+,Baguma bashurashura biciye ku vyo bakora+. Hoseya 4:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Abantu banje baguma basiguza+ ikigirwamana cabo c’ibiti+, kandi inkoni yabo yo mu kuboko ni yo iguma ibamenyesha amakuru; kubera ko impwemu y’ubusambanyi yabayerereje+, kandi biciye ku busambanyi baranka kuyoborwa n’Imana yabo+.
33 Ntibakwiye kuba mu gihugu cawe, kugira ntibazohave batuma uncumurako. Hamwe wokorera imana zabo, vyokubera umutego+.”
17 Banka kwumviriza n’abacamanza babo nyene, mugabo bashurashurana+ n’izindi mana+ bongera barazunamira. Ntibateba gukevya bava mu nzira ba sekuruza babo bari baragendeyemwo mu kugamburuka amabwirizwa ya Yehova+. Ntibakora nk’ukwo.
12 Abantu banje baguma basiguza+ ikigirwamana cabo c’ibiti+, kandi inkoni yabo yo mu kuboko ni yo iguma ibamenyesha amakuru; kubera ko impwemu y’ubusambanyi yabayerereje+, kandi biciye ku busambanyi baranka kuyoborwa n’Imana yabo+.