Abalewi 25:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “‘Mwene wanyu niyacika mworo, akabwirizwa kugurisha igipande c’itongo ryiwe, umucunguzi w’incuti ya hafi ategerezwa rero kuza akagaruza ico mwene wabo yagurishije+. Gusubira mu vyagezwe 25:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+. Rusi 2:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Nawomi aca abwira umukazana wiwe ati: “Ahezagirwe na Yehova+, we ataretse kugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ abazima n’abapfuye+.” Nawomi abandanya kumubwira ati: “Uwo mugabo ni incuti yacu+. Ni umwe mu bacunguzi+ bacu.”
25 “‘Mwene wanyu niyacika mworo, akabwirizwa kugurisha igipande c’itongo ryiwe, umucunguzi w’incuti ya hafi ategerezwa rero kuza akagaruza ico mwene wabo yagurishije+.
5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+.
20 Nawomi aca abwira umukazana wiwe ati: “Ahezagirwe na Yehova+, we ataretse kugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ abazima n’abapfuye+.” Nawomi abandanya kumubwira ati: “Uwo mugabo ni incuti yacu+. Ni umwe mu bacunguzi+ bacu.”