Rusi
2 Kandi Nawomi yari afise incuti+ y’umugabo wiwe, umugabo akomeye w’umutunzi+ wo mu muryango wa Elimeleki, akaba yitwa Bowazi+.
2 Mu nyuma Rusi Umunyamowabukazi abwira Nawomi ati: “Ndakwinginze undeke ngende mu mirima gutorora*+ mu mahundo y’intete, nkurikira uwo wese nogira ubutoni mu maso yiwe.” Nuko amubwira ati: “Genda, mukobwa wanje.” 3 Aca aragenda maze arinjira, atangura gutorora mu murima inyuma y’abimbuzi+. Gutyo aza asanga ari mu gice c’itongo cegukira Bowazi+, uno akaba yari uwo mu muryango wa Elimeleki+. 4 Maze ehe Bowazi arashika avuye i Betelehemu, aza arabwira abimbuzi ati: “Yehova abane namwe+.” Na bo bakamubwira bati: “Yehova aguhezagire+.”
5 Mu nyuma Bowazi+ abwira umusore yari ajejwe abimbuzi ati: “Uyu mugore akiri muto ni uwa nde?” 6 Nuko nya musore arishura, ati: “Uwo mugore akiri muto ni Umunyamowabukazi+ yagarukanye na Nawomi avuye mu karere ka Mowabu+. 7 Kandi yavuze ati: ‘Ndakwinginze undeke ntorore+, ntoragure mu mahundo y’intete aciwe, ngendere inyuma y’abimbuzi.’ Nuko arinjira, aguma ahagaze kuva ico gihe mu gitondo gushika n’ubu, akaba ari ho acicara mu nzu akanya gatoyi+.”
8 Mu nyuma Bowazi abwira Rusi ati: “Urumva ga mukobwa wanje? Ntuje gutorora mu wundi murima+, kandi ntujabuke ngo uve hano uje ahandi; gutyo ugume hafi y’abasukukazi banje bakiri bato+. 9 Amaso yawe abe ku murima bimbura, kandi ujane na bo. None sinategetse abasore ngo ntibagukoreko+? Niwanyoterwa, uze kugenda ku vyombo maze unywe ku yo nya basore bazoba bavomye+.”
10 Rusi aca agwa yubamye, arunama gushika hasi+, maze amubwira ati: “Bigenze gute ngo ngire ubutoni mu maso yawe nkabonwa, kandi ndi umunyamahangakazi+?” 11 Maze Bowazi aramwishura ati: “Banyiganiye+ neza ivyo wakoreye nyokobukwe vyose inyuma y’urupfu rw’umugabo wawe+, n’ingene wasize so na nyoko n’igihugu c’incuti zawe ukaja ku bantu utari uzi+. 12 Yehova aguhembere ivyo ukora+, kandi Yehova Imana ya Isirayeli aguhe impembo itunganye+, uwo waje kuronderera ubuhungiro munsi y’amababa yiwe+.” 13 Na we aca avuga ati: “Ningire ubutoni mu maso yawe, mukama wanje, kuko umpojeje kandi ukavugisha umusukukazi wawe mu buryo buhumuriza+, naho ntari nk’umwe mu basukukazi bawe+.”
14 Igihe co gufungura kigeze, Bowazi amubwira ati: “Egera ng’aha, urye ku mukate+ wongere udumbe ikimanyu cawe mu nkarihe.” Nuko yicara iruhande y’abimbuzi, aza aramuhereza intete zikaranze+ na we akarya, arahaga agira n’ibisigara. 15 Maze arahaguruka kugira atorore+. Nuko Bowazi abwiriza abasore biwe ati: “Mumureke atorore no mu mahundo y’intete yaciwe, kandi ntimumusindire+. 16 Vyongeye, mwitwararike kumusokorera amahundo makeya mu mitekero y’amahundo, muyasige inyuma kugira ayatorore+, kandi ntimumuhambarire.”
17 Abandanya gutorora mu murima gushika ku mugoroba+, maze akubita+ izo yari yatoroye, ziba nka efa*+ imwe ya sayiri. 18 Nuko arazitora hanyuma yinjira mu gisagara, maze inabukwe abona izo yari yatoroye. Inyuma y’ivyo, asokorora ibifungurwa yari yasigaje+ amaze guhaga, arabimuha.
19 Nuko inabukwe amubwira ati: “Watoroye hehe uno musi, kandi wakoreye hehe? Uwakubonye aragahezagirwa+.” Yiganira rero inabukwe nyen’umurima yari yakozemwo uwo ari we; hanyuma abandanya kuvuga ati: “Nyen’umurima nakozemwo uno musi ni Bowazi.” 20 Nawomi aca abwira umukazana wiwe ati: “Ahezagirwe na Yehova+, we ataretse kugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ abazima n’abapfuye+.” Nawomi abandanya kumubwira ati: “Uwo mugabo ni incuti yacu+. Ni umwe mu bacunguzi+ bacu.” 21 Maze Rusi Umunyamowabukazi avuga ati: “Yambwiye kandi ati: ‘Uraguma hafi y’abantu banje bakiri bato gushika barangije umwimbu wose mfise+.’” 22 Nawomi+ araheza abwira Rusi umukazana wiwe+ ati: “Ni vyiza, mukobwa wanje, ko ujana n’abasukukazi biwe bakiri bato, kugira ngo ntibakugore mu wundi murima+.”
23 Aguma hafi y’abasukukazi ba Bowazi bakiri bato kugira atorore, gushika iyimbura rya sayiri+ n’iyimbura ry’ingano rirangiye. Aguma abana na inabukwe+.