Yosuwa 8:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Namwe muzoca muhaguruka muve aho mubunze, maze mwigarurire igisagara; Yehova Imana yanyu azogitanga ata gukeka mu maboko yanyu+. Abacamanza 7:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Yehova abwira rero Gideyoni ati: “Abo bagabo amajana atatu banywereye amazi ku rushi ni bo ndabakirisha, kandi ndatanga Midiyani mu kuboko kwawe+. Nayo abandi bose, nibigire umwe wese ahantu hiwe.” 1 Samweli 14:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.” 2 Samweli 5:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Dawidi asiguza+ Yehova, ati: “Nduge kurwanya Abafilisitiya? Urabatanga mu kuboko kwanje?” Yehova aca abwira Dawidi ati: “Duga, kuko ntabura gutanga Abafilisitiya mu maboko yawe+.” 2 Abami 3:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ico kizoba koko ikintu gito mu maso ya Yehova+, kandi azotanga ata gukeka Mowabu mu kuboko kwanyu+.
7 Namwe muzoca muhaguruka muve aho mubunze, maze mwigarurire igisagara; Yehova Imana yanyu azogitanga ata gukeka mu maboko yanyu+.
7 Yehova abwira rero Gideyoni ati: “Abo bagabo amajana atatu banywereye amazi ku rushi ni bo ndabakirisha, kandi ndatanga Midiyani mu kuboko kwawe+. Nayo abandi bose, nibigire umwe wese ahantu hiwe.”
6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.”
19 Dawidi asiguza+ Yehova, ati: “Nduge kurwanya Abafilisitiya? Urabatanga mu kuboko kwanje?” Yehova aca abwira Dawidi ati: “Duga, kuko ntabura gutanga Abafilisitiya mu maboko yawe+.”
18 Ico kizoba koko ikintu gito mu maso ya Yehova+, kandi azotanga ata gukeka Mowabu mu kuboko kwanyu+.