ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 19:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “‘Ntukagendagende mu bantu b’iwanyu ugenzwa no kubeshera+ umuntu. Ntugahagurukire kuvisha amaraso ya mugenzawe+. Ndi Yehova.

  • 1 Samweli 26:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ubu rero ndakwinginze, umukama wanje umwami yumvirize amajambo y’umusuku wiwe: Nimba Yehova ari we yagusunikiye kundwanya, namotere ishikanwa ry’intete+. Mugabo nimba ari abana b’abantu+, baravumwe imbere ya Yehova+, kuko uyu musi banyirukanye ngo siniyumvemwo ko nifatanije n’intoranwa ya Yehova+, mu kuvuga bati: ‘Genda ukorere izindi mana+!’

  • Zaburi 101:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Uwo wese abeshera mugenziwe mu mpisho+,

      Uwo ndamunumya+.

      Uwo wese w’amaso yibona kandi w’umutima w’akagaye+,

      Uwo sinshobora kumwihanganira+.

  • Imigani 16:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Umuntu w’imigambi y’uruyeri aguma yandurutsa amahane+, kandi umubesheranyi atandukanya abasanganywe+.

  • Imigani 17:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Inkozi y’ikibi yumviriza umunwa ubabaza+. Umuhendanyi atega ugutwi ururimi rutera amarushwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika