Itanguriro 3:1 Bibiliya y’isi nshasha 3 Inzoka+ ni yo yari igikoko ciyubara+ kuruta ibikoko vyose vyo mu gahinga Yehova Imana yari yararemye+. Ibwira rero nya mugore+ iti: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima+?” 1 Samweli 24:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Dawidi abandanya kubwira Sauli ati: “Kubera iki wumviriza amajambo y’abantu+, ngo: ‘Ehe Dawidi ariko arondera kukugirira nabi’? Imigani 18:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Amajambo y’umubesheranyi ameze nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho+, ibimanuka mu bihimba vy’ibwina mu nda+. Abaroma 16:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ndabahimiriza rero, bene wacu, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri+ n’ibitsitaza mu buryo buteye kubiri n’inyigisho+ mwize, mubazibukire+. 2 Abakorinto 12:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Kuko ntinya yuko ninashika+ nzohava nsanga mutameze nk’uko nipfuza, nanje nkababera nk’uko mutipfuza, ahubwo riho hagahava haba ugushihana, ishari+, ugushavura, amahane, ukwambikana ibara, ukuvuga ubwongoshwe, ukwivyimvya, imivurungano+.
3 Inzoka+ ni yo yari igikoko ciyubara+ kuruta ibikoko vyose vyo mu gahinga Yehova Imana yari yararemye+. Ibwira rero nya mugore+ iti: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima+?”
9 Dawidi abandanya kubwira Sauli ati: “Kubera iki wumviriza amajambo y’abantu+, ngo: ‘Ehe Dawidi ariko arondera kukugirira nabi’?
8 Amajambo y’umubesheranyi ameze nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho+, ibimanuka mu bihimba vy’ibwina mu nda+.
17 Ndabahimiriza rero, bene wacu, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri+ n’ibitsitaza mu buryo buteye kubiri n’inyigisho+ mwize, mubazibukire+.
20 Kuko ntinya yuko ninashika+ nzohava nsanga mutameze nk’uko nipfuza, nanje nkababera nk’uko mutipfuza, ahubwo riho hagahava haba ugushihana, ishari+, ugushavura, amahane, ukwambikana ibara, ukuvuga ubwongoshwe, ukwivyimvya, imivurungano+.