Gusubira mu vyagezwe 32:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’ 1 Samweli 24:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Yehova naducire urubanza twe nawe+; kandi Yehova ntazobura kumpora+ akabikubaza, ariko ukuboko kwanje ntikuzogukorako+. 1 Samweli 25:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Inyuma y’ivyo, hahera nk’imisi cumi maze Yehova akubita+ Nabali, arapfa. Zaburi 94:1 Bibiliya y’isi nshasha 94 Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, wewe Yehova+,Ewe Mana y’ibikorwa vy’uguhōra, nusayangane+! Zaburi 94:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kandi izobasubizako ibibabaza vyabo+,Ibanumye ikoresheje ivyago ubwabo bategura+.Yehova Imana yacu azobanumya+. Abaroma 12:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.” Yuda 9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mugabo igihe Mikaheli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati+ na Shetani* akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana+, ahubwo yavuze ati: “Yehova aguhambarire+.”
35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’
12 Yehova naducire urubanza twe nawe+; kandi Yehova ntazobura kumpora+ akabikubaza, ariko ukuboko kwanje ntikuzogukorako+.
23 Kandi izobasubizako ibibabaza vyabo+,Ibanumye ikoresheje ivyago ubwabo bategura+.Yehova Imana yacu azobanumya+.
19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.”
9 Mugabo igihe Mikaheli+ wa mumarayika mukuru+ yagiranira amatati+ na Shetani* akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa+, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana+, ahubwo yavuze ati: “Yehova aguhambarire+.”