5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga*+ yica Abafilisitiya+, ku buryo Yehova yashikije ubukiriro bukomeye+ ku bwa Isirayeli yose. Warabibonye maze uranezerwa. Kubera iki none wocumura ku maraso y’intungane mu kwicisha+ Dawidi ata co azira+?”
16 Abonye ko ata muntu ariho, aca ajorezwa no kubona ko ata n’umwe ahaserutse+. Maze ukuboko kwiwe gutangura gukiza ku bwiwe, kandi ubugororotsi bwiwe ni bwo bwamushigikira+.