ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 33:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Urahiriwe, ewe Isirayeli+!

      Ni nde ameze nkawe+,

      Igisata cifitiye ubukiriro kuri Yehova+,

      Inkinzo y’ugutabarwa kwawe+,

      Akaba na we nkota yawe iminuje+?

      Abansi bawe rero bazohinda agashitsi imbere yawe+,

      Ariko wewe, ku bibanza vyabo bikirurutse ni ho uzogendera+.”

  • Abacamanza 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kandi Yehova abahagurukirije abacamanza+, Yehova yabana n’uwo mucamanza, akabakiza mu kuboko kw’abansi babo mu misi yose y’uwo mucamanza; kuko Yehova yicuza+ kubera ukuniha kwabo gutewe n’ababahahaza+ be n’ababaturubika.

  • 2 Abami 19:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Nzorwanira+ koko iki gisagara kugira ngo ndagikize ku bwanje+ no ku bwa Dawidi umusavyi wanje+.”’”

  • Zaburi 17:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Nutume ibikorwa vyawe vy’ubuntu bwuzuye urukundo biba agatangaza+, ewe Mukiza w’abarondera ubuhungiro

      Bahunga abagarariza ukuryo kwawe+.

  • Zaburi 44:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Kuko wadukijije abarwanizi bacu+,

      Abatwanka urunuka na bo ukabamaramaza+.

  • Yesaya 63:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yavuze kandi ati: “Ni ukuri, ni abantu banje+, abana batazohemuka+.” Ni co gituma ari bo yabereye Umukiza+.

  • Hoseya 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mugabo inzu ya Yuda nzoyigirira imbabazi+; nzobakiza jewe Yehova Imana yabo+, mugabo sinzobakirisha umuheto canke inkota canke intambara canke amafarasi canke abagendera ku mafarasi+.”

  • 1 Timoteyo 4:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko ico ari co dukorera cane kandi tukihatira+, kubera ko twashingiye icizigiro+ cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika