Itanguriro 9:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Gusa, inyama zirimwo ubuzima+ bwazo, ari bwo maraso+ yazo, ntimuze muzirye+. Abalewi 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “‘Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero* ku mayaruka yanyu, ahantu hose muba: ntimuze muhirahire ngo murye ikinure na kimwe canke amaraso+ n’amwe.’” Abalewi 17:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo. Gusubira mu vyagezwe 12:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ariko amaraso ni yo mutegerezwa kutarya+. Uze uyasese hasi nk’amazi+. Ezekiyeli 33:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “Babwire rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mwe muguma murya inyama zirimwo amaraso+, amaso yanyu mukaguma muyararamurira ku bigirwamana vyanyu vy’umwanda+, mukaguma musesa amaraso+. Hanyuma ngo mwigabire igihugu+? Ivyakozwe 15:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, n’amaraso+, n’ibinizwe+, n’ubusambanyi+. Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu+, muzotunganirwa. Mugire amagara meza!”
17 “‘Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero* ku mayaruka yanyu, ahantu hose muba: ntimuze muhirahire ngo murye ikinure na kimwe canke amaraso+ n’amwe.’”
10 “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo.
25 “Babwire rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mwe muguma murya inyama zirimwo amaraso+, amaso yanyu mukaguma muyararamurira ku bigirwamana vyanyu vy’umwanda+, mukaguma musesa amaraso+. Hanyuma ngo mwigabire igihugu+?
29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, n’amaraso+, n’ibinizwe+, n’ubusambanyi+. Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu+, muzotunganirwa. Mugire amagara meza!”