ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Gusa, inyama zirimwo ubuzima+ bwazo, ari bwo maraso+ yazo, ntimuze muzirye+.

  • Abalewi 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “‘Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero* ku mayaruka yanyu, ahantu hose muba: ntimuze muhirahire ngo murye ikinure na kimwe canke amaraso+ n’amwe.’”

  • Abalewi 7:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “‘Ntimuze murye amaraso+ y’ubwoko na bumwe ahantu na hamwe muba, yaba ay’ikiguruka canke ay’igikoko.

  • Abalewi 17:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo.

  • Gusubira mu vyagezwe 12:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ariko amaraso ni yo mutegerezwa kutarya+. Uze uyasese hasi nk’amazi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 12:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kimwe gusa, wiyemeze ushikamye kutarya amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+ kandi ukaba utegerezwa kutarya ubuzima kumwe n’inyama.

  • 1 Samweli 14:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Nuko abantu bagurukira kuri nya sahu n’umunoho n’akantu+, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika