ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Gusa, inyama zirimwo ubuzima+ bwazo, ari bwo maraso+ yazo, ntimuze muzirye+.

  • Abalewi 17:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo.

  • Abalewi 17:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “‘Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe, azofata igikoko canke ikiguruka kiribwa ari guhiga, aze asese amaraso yaco hasi+ hanyuma ayarenzeko umukungugu+.

  • Gusubira mu vyagezwe 12:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kimwe gusa, wiyemeze ushikamye kutarya amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+ kandi ukaba utegerezwa kutarya ubuzima kumwe n’inyama.

  • Ezekiyeli 44:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 kubona mwinjiza abanyamahanga b’umutima utagenyerewe be n’umubiri utagenyerewe+, kugira ngo baze aheranda hanje ngo bahahumanye, kandi ari inzu yanje; kubona mushikiriza umukate wanje+, ikinure+ n’amaraso+, kandi isezerano ryanje rikaguma rirengwa ku bijanye n’ibintu vyanyu vyose biteye ishishi+.

  • Ivyakozwe 15:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 ahubwo kubandikira kwirinda ivyahumanijwe n’ibigirwamana+, n’ubusambanyi+, n’ibinizwe+, n’amaraso+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika