Itanguriro 9:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Gusa, inyama zirimwo ubuzima+ bwazo, ari bwo maraso+ yazo, ntimuze muzirye+. Abalewi 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “‘Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero* ku mayaruka yanyu, ahantu hose muba: ntimuze muhirahire ngo murye ikinure na kimwe canke amaraso+ n’amwe.’” Abalewi 7:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 “‘Ntimuze murye amaraso+ y’ubwoko na bumwe ahantu na hamwe muba, yaba ay’ikiguruka canke ay’igikoko. Abalewi 17:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo. Abalewi 19:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 “‘Ntimuze mugire ikintu na kimwe muryana amaraso+. “‘Ntimuze murondere ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi ntimuze mugire ivy’amageza+. Gusubira mu vyagezwe 12:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kimwe gusa, wiyemeze ushikamye kutarya amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+ kandi ukaba utegerezwa kutarya ubuzima kumwe n’inyama. Gusubira mu vyagezwe 15:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ariko amaraso yaco ntuze uyarye+. Uze uyasese hasi nk’amazi+. 1 Samweli 14:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Nuko abantu bagurukira kuri nya sahu n’umunoho n’akantu+, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+.
17 “‘Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero* ku mayaruka yanyu, ahantu hose muba: ntimuze muhirahire ngo murye ikinure na kimwe canke amaraso+ n’amwe.’”
26 “‘Ntimuze murye amaraso+ y’ubwoko na bumwe ahantu na hamwe muba, yaba ay’ikiguruka canke ay’igikoko.
10 “‘Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe azorya amaraso y’ubwoko na bumwe+, emwe, nzoshinga igitsure canje* uyo muntu+ arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo.
26 “‘Ntimuze mugire ikintu na kimwe muryana amaraso+. “‘Ntimuze murondere ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi ntimuze mugire ivy’amageza+.
23 Kimwe gusa, wiyemeze ushikamye kutarya amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+ kandi ukaba utegerezwa kutarya ubuzima kumwe n’inyama.
32 Nuko abantu bagurukira kuri nya sahu n’umunoho n’akantu+, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+.