1 Samweli 28:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Mu nyuma Abafilisitiya bakoranira hamwe, baraza maze bashinga ikambi i Shunemu+. Nuko Sauli akoraniriza hamwe Isirayeli yose baraheza bashinga ikambi i Gilibowa+. 1 Samweli 31:1 Bibiliya y’isi nshasha 31 Kandi Abafilisitiya bariko bararwana na Isirayeli+; nuko abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, maze baguma bagwa bagandaguwe+ ku musozi Gilibowa+. 2 Samweli 1:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru aca avuga ati: “Nagiye mbona ndi ku musozi Gilibowa+ ntari ndavyiteze, maze mbona Sauli yishimikije icumu ryiwe+; kandi ehe, abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bari bamushikiriye+. 2 Samweli 1:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Yemwe misozi ya Gilibowa+, ntihakagire ikime canke imvura biza kuri mwebwe, ntihakabe n’imirima y’intererano nyeranda+;Kuko aho ari ho inkinzo y’abanyenkomezi yahumanirijwe,Inkinzo ya Sauli, ku buryo ata nkinzo yarobanujwe amavuta isigaye+. 1 Ngoma 10:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura+ abagandaguwe, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa+.
4 Mu nyuma Abafilisitiya bakoranira hamwe, baraza maze bashinga ikambi i Shunemu+. Nuko Sauli akoraniriza hamwe Isirayeli yose baraheza bashinga ikambi i Gilibowa+.
31 Kandi Abafilisitiya bariko bararwana na Isirayeli+; nuko abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, maze baguma bagwa bagandaguwe+ ku musozi Gilibowa+.
6 Nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru aca avuga ati: “Nagiye mbona ndi ku musozi Gilibowa+ ntari ndavyiteze, maze mbona Sauli yishimikije icumu ryiwe+; kandi ehe, abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bari bamushikiriye+.
21 Yemwe misozi ya Gilibowa+, ntihakagire ikime canke imvura biza kuri mwebwe, ntihakabe n’imirima y’intererano nyeranda+;Kuko aho ari ho inkinzo y’abanyenkomezi yahumanirijwe,Inkinzo ya Sauli, ku buryo ata nkinzo yarobanujwe amavuta isigaye+.
8 Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura+ abagandaguwe, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa+.