ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 23:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,

      Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.

      Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?

      Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?

  • 1 Abami 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’

  • Zaburi 89:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Nararahiye rimwe mu bweranda bwanje+,

      Sinzobesha Dawidi+.

  • Zaburi 132:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yehova yararahiye Dawidi+,

      Kandi vy’ukuri ntazokwirahuruza+:

      “Uwo mu bura bwawe*+

      Nzomushira ku ntebe yawe y’ubwami+.

  • Yesaya 55:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+.

  • Yohani 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ubeze+ biciye ku kuri; ijambo+ ryawe ni ukuri+.

  • Tito 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 hishimikijwe icizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika