Guharura 23:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+? 1 Abami 2:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’ Zaburi 89:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Nararahiye rimwe mu bweranda bwanje+,Sinzobesha Dawidi+. Zaburi 132:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yehova yararahiye Dawidi+,Kandi vy’ukuri ntazokwirahuruza+:“Uwo mu bura bwawe*+Nzomushira ku ntebe yawe y’ubwami+. Yesaya 55:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+. Yohani 17:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ubeze+ biciye ku kuri; ijambo+ ryawe ni ukuri+. Tito 1:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 hishimikijwe icizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane+,
19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?
4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’
11 Yehova yararahiye Dawidi+,Kandi vy’ukuri ntazokwirahuruza+:“Uwo mu bura bwawe*+Nzomushira ku ntebe yawe y’ubwami+.
11 ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+.
2 hishimikijwe icizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane+,