ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 24:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nzomubona+, mugabo si ubu;

      Nzomwitegereza, mugabo si hafi.

      Inyenyeri+ izova muri Yakobo koko,

      Kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli+.

      Kandi azomenagura imisaya y’umutwe wa Mowabu+

      N’agahanga k’abahungu bose b’uruhagarara rw’intambara.

  • Abacamanza 3:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Ico gihe batangura kwica Mowabu, bica nk’abagabo ibihumbi cumi+, bose bakaba bari ab’inguvu+ bakaba n’abagabo b’intwari; ntiharokoka n’umwe+.

  • 1 Samweli 14:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Nuko Sauli akomeza ingoma yiwe kuri Isirayeli+; atangura kurwanya abansi biwe bose irya n’ino, arwanya Mowabu+ na bene Amoni+ na Edomu+ n’abami ba Zoba+ n’Abafilisitiya+; kandi aho yahindukirira hose yarahashitsako urubanza+.

  • Zaburi 60:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Mowabu ni inkono yanje yo gukarabiramwo+.

      Nzoterera inkweto* yanje kuri Edomu+.

      Nzokwiha akaruru k’intsinzi kuri Filisitiya+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika