1 Samweli 17:50 Bibiliya y’isi nshasha 50 Gutyo Dawidi, akoresheje umugozi wo guteresha be n’ibuye, arusha inkomezi uwo Mufilisitiya, agarika nya Mufilisitiya, aramwica; kandi nta nkota yari mu kuboko kwa Dawidi+. 1 Samweli 18:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nya bagore bariko barahimbaza ico kintu, baguma bitabiriza bati:“Sauli yishe ibihumbi,Dawidi na we ibihumbi mirongo+.” 1 Samweli 19:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Mu nyuma intambara yongera kwaduka; nuko Dawidi arasohoka, arwanya Abafilisitiya, arabasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+, maze barahunga bava imbere yiwe+. 2 Samweli 10:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Mugabo Abasiriya barahunga+ bava imbere ya Isirayeli; nuko Dawidi yica mu Basiriya abatwara imikogote+ amajana indwi n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongo ine, Shobaki umukuru w’ingabo zabo na we aramugarika, apfira ng’aho+.
50 Gutyo Dawidi, akoresheje umugozi wo guteresha be n’ibuye, arusha inkomezi uwo Mufilisitiya, agarika nya Mufilisitiya, aramwica; kandi nta nkota yari mu kuboko kwa Dawidi+.
7 Nya bagore bariko barahimbaza ico kintu, baguma bitabiriza bati:“Sauli yishe ibihumbi,Dawidi na we ibihumbi mirongo+.”
8 Mu nyuma intambara yongera kwaduka; nuko Dawidi arasohoka, arwanya Abafilisitiya, arabasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+, maze barahunga bava imbere yiwe+.
18 Mugabo Abasiriya barahunga+ bava imbere ya Isirayeli; nuko Dawidi yica mu Basiriya abatwara imikogote+ amajana indwi n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongo ine, Shobaki umukuru w’ingabo zabo na we aramugarika, apfira ng’aho+.