Guharura 22:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Mugabo umumarayika wa Yehova abwira Balamu ati: “Jana n’abo bagabo+; kandi ntihaze hagire ikindi uvuga atari ijambo nzokubwira+.” Nuko Balamu abandanya kujana n’abaganwa ba Balaki. Abacamanza 6:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mu nyuma umumarayika wa Yehova araza+, yicara munsi y’igiti kinini cari i Ofura, icegukira Yowasi Umwabiyezeri+, mu gihe Gideyoni+ umuhungu wiwe yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu kugira azikureho ningoga Midiyani ntizibone. Abagalatiya 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ariko naho yoba twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze inkuru nziza twebwe twabamenyesheje, arakavumwa+.
35 Mugabo umumarayika wa Yehova abwira Balamu ati: “Jana n’abo bagabo+; kandi ntihaze hagire ikindi uvuga atari ijambo nzokubwira+.” Nuko Balamu abandanya kujana n’abaganwa ba Balaki.
11 Mu nyuma umumarayika wa Yehova araza+, yicara munsi y’igiti kinini cari i Ofura, icegukira Yowasi Umwabiyezeri+, mu gihe Gideyoni+ umuhungu wiwe yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu kugira azikureho ningoga Midiyani ntizibone.
8 Ariko naho yoba twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze inkuru nziza twebwe twabamenyesheje, arakavumwa+.