ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 9:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 hanyuma umuriro urasohoka uvuye imbere ya Yehova+, utangura kuyigiza rya shikanwa riturirwa na vya bipande binuze vyo ku gicaniro. Abantu bose ngo babibone, baraduka biha akaruru+, bagwa bubamye.

  • Abacamanza 6:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Maze nya mumarayika wa Yehova atuma isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, akora kuri za nyama na twa dutsima tutarimwo umwambiro, umuriro uca utangura kuduga uvuye muri nya gitandara, uyigiza za nyama na twa dutsima tutarimwo umwambiro+. Nya mumarayika wa Yehova aca arakamangana ntiyasubira kumubona.

  • 1 Ngoma 21:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, araheza atangura kwambaza Yehova+, na we amwishura akoresheje umuriro+ uvuye mu majuru, uza kuri nya gicaniro c’ishikanwa riturirwa.

  • 2 Ngoma 7:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mu majuru+, utangura kuyigiza ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi, ubuninahazwa bwa Yehova+ na bwo bwuzura iyo nzu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika