-
Yosuwa 17:11Bibiliya y’isi nshasha
-
-
11 Ibi ni vyo vyabaye ivya Manase+ muri Isakari no muri Asheri: Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, na Ibuleyamu+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Dori+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Eni-dori+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Megido+ n’ibisagara bihakukira, ibibanza bikirurutse bitatu.
-
-
2 Abami 9:27Bibiliya y’isi nshasha
-
-
27 Nuko Ahaziya+ umwami wa Yuda ubwiwe arabibona maze ahunga aciye mu nzira yari iruhande y’umurima munini*+. (Mu nyuma Yehu atangura kumukurikira hanyuma avuga ati: “Na we nyene, nimumurase!” Nuko baramurasa mu gihe yari mu mukogote aduga i Guri, ahari iruhande ya Ibuleyamu+. Abandanya guhunga yerekeje i Megido+ araheza apfirayo+.
-