-
1 Samweli 26:19Bibiliya y’isi nshasha
-
-
19 Ubu rero ndakwinginze, umukama wanje umwami yumvirize amajambo y’umusuku wiwe: Nimba Yehova ari we yagusunikiye kundwanya, namotere ishikanwa ry’intete+. Mugabo nimba ari abana b’abantu+, baravumwe imbere ya Yehova+, kuko uyu musi banyirukanye ngo siniyumvemwo ko nifatanije n’intoranwa ya Yehova+, mu kuvuga bati: ‘Genda ukorere izindi mana+!’
-
-
1 Ngoma 5:26Bibiliya y’isi nshasha
-
-
26 Nuko Imana ya Isirayeli ikabura impwemu+ ya Puli+ umwami wa Ashuri+, egome, impwemu ya Tilugati-piluneseri+ umwami wa Ashuri, ku buryo atwara mu bunyagano+ abo mu Barubeni n’abo mu Bagadi n’abo mu gice c’umuryango wa Manase, akabajana i Hala+ n’i Habori n’i Hara no ku ruzi Gozani; bagumayo gushika n’uyu musi.
-