Guharura 33:52 Bibiliya y’isi nshasha 52 Muze mwirukane ababa muri ico gihugu bose bave imbere yanyu mwongere mumenagure ibishusho vy’amabuye+ vyabo vyose; ibishusho vyabo vyose vyo mu cuma gishongeshejwe+ muze mubirandure; kandi ibibanza bikirurutse vyeranda vyabo vyose muze mubizimanganye+. Gusubira mu vyagezwe 12:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Mugabo ahantu Yehova azotora muri umwe mu miryāngo yawe ni ho ukwiye gushikanira amashikanwa aturirwa yawe, kandi aho ni ho ukwiye gukorera ivyo ndagutegetse vyose+. 2 Ngoma 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mugabo nzotora Yeruzalemu+ kugira ngo izina ryanje ribeyo, kandi nzotora Dawidi kugira ngo aganze abantu banje Isirayeli+.’ 2 Ngoma 32:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mbega Hezekiya ubwiwe si we yakuyeho ibibanza vyiwe bikirurutse+ n’ibicaniro vyiwe+ maze akabwira Yuda na Yeruzalemu ngo: “Muze mwuname+ imbere y’igicaniro kimwe+ kandi kuri co abe ari ho muzofumbishiriza umwotsi w’ibimazi+”?
52 Muze mwirukane ababa muri ico gihugu bose bave imbere yanyu mwongere mumenagure ibishusho vy’amabuye+ vyabo vyose; ibishusho vyabo vyose vyo mu cuma gishongeshejwe+ muze mubirandure; kandi ibibanza bikirurutse vyeranda vyabo vyose muze mubizimanganye+.
14 Mugabo ahantu Yehova azotora muri umwe mu miryāngo yawe ni ho ukwiye gushikanira amashikanwa aturirwa yawe, kandi aho ni ho ukwiye gukorera ivyo ndagutegetse vyose+.
6 Mugabo nzotora Yeruzalemu+ kugira ngo izina ryanje ribeyo, kandi nzotora Dawidi kugira ngo aganze abantu banje Isirayeli+.’
12 Mbega Hezekiya ubwiwe si we yakuyeho ibibanza vyiwe bikirurutse+ n’ibicaniro vyiwe+ maze akabwira Yuda na Yeruzalemu ngo: “Muze mwuname+ imbere y’igicaniro kimwe+ kandi kuri co abe ari ho muzofumbishiriza umwotsi w’ibimazi+”?