Kuvayo 15:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+? Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+. Gusubira mu vyagezwe 3:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, wewe ubwawe ni we watanguye kwereka umusavyi wawe ubukuru bwawe+ n’ukuboko kwawe+ gukomeye, kuko, ni nde mana mu majuru canke kw’isi ikora ibikorwa nk’ivyawe n’ibikorwa vy’ubushobozi nk’ivyawe+? Zaburi 86:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Mu mana nta n’imwe iriho imeze nkawe, ewe Yehova+,Eka nta n’ibikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+.
11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+? Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.
24 ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, wewe ubwawe ni we watanguye kwereka umusavyi wawe ubukuru bwawe+ n’ukuboko kwawe+ gukomeye, kuko, ni nde mana mu majuru canke kw’isi ikora ibikorwa nk’ivyawe n’ibikorwa vy’ubushobozi nk’ivyawe+?