7 “Nzoshitsa isezerano ryanje riri hagati yanje nawe+ be n’uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe nk’uko amayaruka yabo ari, ribe isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero+, kugira nerekane ko ndi Imana kuri wewe no ku ruvyaro rwawe mu nyuma zawe+.
9 Kandi urazi neza yuko Yehova Imana yawe ari we Mana y’ukuri+, Imana y’inyizigirwa+, agumya isezerano+ be n’ubuntu bwuzuye urukundo ku bijanye n’abamukunda be n’abagumya amabwirizwa yiwe gushika ku mayaruka igihumbi+,
33 “Kuko iri ari ryo sezerano+ nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’iyo misi+,” ni ko Yehova avuze. “Nzoshira itegeko ryanje muri bo+, kandi nzoryandika mu mutima wabo+. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje+.”