ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Rusi 4:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Maze abagore bari ababanyi+ biwe bamuha izina, mu kuvuga bati: “Nawomi avyariwe umuhungu.” Nuko bamwita Obedi+. Ni we se wa Yese+, se wa Dawidi.

  • 1 Samweli 13:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Emwe, Yehova azokwironderera umuntu ahimbara umutima wiwe+; kandi Yehova azomushinga ibanga ryo kuba indongozi+ y’abantu biwe, kuko utagumije ico Yehova yagutegetse+.”

  • 1 Samweli 15:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Samweli aca amubwira ati: “Uyu musi Yehova agushikuyeko+ ingoma ya Isirayeli, kandi azoyiha ata kabuza mugenzawe ameze neza kukurusha+.

  • 2 Samweli 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.”

  • 2 Samweli 5:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Abagabo b’inararibonye+ ba Isirayeli bose baza rero ku mwami i Heburoni, maze Umwami Dawidi agirana isezerano+ na bo i Heburoni imbere ya Yehova; hanyuma barobanuza amavuta+ Dawidi ngo abe umwami wo kuganza Isirayeli+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika