2 Abami 20:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “Subira inyuma, ubwire Hezekiya indongozi+ y’abantu banje uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana+ ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: “Numvise+ isengesho ryawe+. Nabonye amosozi yawe+. Ehe ngira ngukize+. Ku musi ugira gatatu uzoduga ku nzu ya Yehova+. Zaburi 66:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Vy’ukuri, Imana yarumvise+;Yateze ugutwi ijwi ry’isengesho ryanje+. Luka 1:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ariko nya mumarayika amubwira ati: “Ntutinye, Zekariya, kubera ko ugutakamba kwawe kwumviswe+, kandi umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+. Ivyakozwe 10:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 avuga ati: ‘Koruneliyo, isengesho ryawe ryumviswe rirashimwa, n’imfashanyo uha aboro zibutswe imbere y’Imana+. 1 Petero 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko amaso+ ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo+; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi+.”
5 “Subira inyuma, ubwire Hezekiya indongozi+ y’abantu banje uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana+ ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: “Numvise+ isengesho ryawe+. Nabonye amosozi yawe+. Ehe ngira ngukize+. Ku musi ugira gatatu uzoduga ku nzu ya Yehova+.
13 Ariko nya mumarayika amubwira ati: “Ntutinye, Zekariya, kubera ko ugutakamba kwawe kwumviswe+, kandi umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+.
31 avuga ati: ‘Koruneliyo, isengesho ryawe ryumviswe rirashimwa, n’imfashanyo uha aboro zibutswe imbere y’Imana+.
12 Kuko amaso+ ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo+; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi+.”