10 Toyi atuma rero Yoramu umuhungu wiwe ku Mwami Dawidi kumubaza uko amerewe+ no kumukeza kubera yari yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yari amaze kumenyera kurwanya Toyi); kandi mu kuboko kwiwe hari ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu n’ibintu vy’umujumpu+.