19 Mugabo mwebwe, uno musi mutaye Imana yanyu+ yaza irabakiza ikabakura mu mabi mwarimwo yose no mu marushwa yanyu yose, hanyuma muvuga muti: “Oya, ahubwo umwami ni we ukwiye kudushiriraho ngo atuganze.” Ubu rero nimuhagarare imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu+ n’ibihumbi vyanyu.’”