9 Atangura kandi gukoraniriza hamwe Yuda yose na Benyamini yose+ na ba kavamahanga bose+ bari kumwe na bo bavuye muri Efurayimu no muri Manase no muri Simeyoni, kuko bari barataye bakomokera kuri we ari benshi, bavuye muri Isirayeli, igihe babona ko Yehova Imana yiwe yari kumwe na we+.