ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 35:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Inyuma y’ivyo baragenda, maze Imana ica ivutu ibisagara vyari hirya no hino yabo+, ku buryo batoma inyuma bene Yakobo.

  • Kuvayo 15:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ivutu n’ukuranduka umutima bizobagwako+.

      Kubera ubukuru bw’ukuboko kwawe, bazoba abadakakaza nk’ibuye,

      Gushika abantu bawe+ barenganye, ewe Yehova,

      Gushika abantu wishiriyeho+ barenganye+.

  • Gusubira mu vyagezwe 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Nta muntu n’umwe azohagarara ashikamye imbere yanyu+. Yehova Imana yanyu azotuma igihugu cose muzohonyozako ikirenge kibagirira ubwoba, kibatinye+, nk’uko nyene yabasezeraniye.

  • Yosuwa 5:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Abami bose b’Abamori+ bari ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burengero, n’abami bose b’Abanyakanani+ bari iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva yuko Yehova yari yakamije amazi ya Yorodani imbere ya bene Isirayeli gushika bamaze kujabuka, imitima yabo ica itangura gushonga+, ntibasubira kugira umutima rugabo kubera bene Isirayeli+.

  • 2 Ngoma 17:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Maze ubwoba+ buvuye kuri Yehova buza ku bwami bwose bw’ibihugu vyari irya n’ino ya Yuda, ntibwarwanya Yehoshafati+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika