16 Mugabo abahora ari inyagano+ batangura gukora kuno; nuko Ezira umuherezi n’abagabo bari abakuru ba ba se ku bw’inzu ya ba sekuru+ yabo, egome, bose nk’uko amazina yabo yari, baritandukanya rero hanyuma batangura kwicara ku musi wa mbere w’ukwezi kugira cumi+ kugira ngo batohoze ico kintu+;