2 Samweli 22:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Abantu baciye bugufi uzobakiza+;Mugabo amaso yawe arwanya abibona, kugira ngo ubacishe bugufi+. Zaburi 18:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Kuko abantu b’abarushwa wewe ubwawe uzobakiza+;Mugabo amaso yibona uzoyashira hasi+. Imigani 15:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Inzu y’abinantaza Yehova azoyisambura+, mugabo azoshinga urubibe rw’umupfakazi+. Yesaya 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+. Daniyeli 4:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 “None ubu, jewe Nebukadinezari ndashemeza Umwami w’amajuru+, nkamushira hejuru kandi nkamuninahaza, kubera ko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri, n’inzira ziwe zikaba ari ubutungane+, no kubera ko ashoboye gutetereza abagendera mu bwishime+.”
11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+.
37 “None ubu, jewe Nebukadinezari ndashemeza Umwami w’amajuru+, nkamushira hejuru kandi nkamuninahaza, kubera ko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri, n’inzira ziwe zikaba ari ubutungane+, no kubera ko ashoboye gutetereza abagendera mu bwishime+.”